Yashyizweho kuri 5 April, 2016 | 09:31

MAHAMA: Abanyeshuri barangije igihembwe cya mbere neza

Abanyeshuri b’impunzi z’Abarundi bo mu nkambi ya Mahama bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye bararangije igice ca mbere c’umwaka w’ishure w’2016. Baramenye k’urugero rushimishije naho mu mashure yisumbuye bafise ingorane zo gufungura saa sita kuko bategerezwa gusubira yo.

Abaveyi n’Abarezi barishimira umusaruro waboneste mu banyeshure b’impunzi z’Abarundi bari mu nkambi ya Mahama. Ngo naho batararonka ibiharuro vyerekana neza ingene uwo musaruro wagenze, bemeza ko atawowugaya. « Haba mu mashure yisumbuye na mato mato, abanyeshure baramenye ku rugero rushimishije” bishikirizwa na Fideli Karanganwa umwe mu babyeyi barereye mur’iyo nkambi. Amenyesha kandi ko n’aboba baragize utugorane ari bamwe mu batakuriranye inyigisho zo kubahugura imbere y’uko amashure nyezina atangura. Aho bakaba bategekwaga kubanza kwiga ibyigwa by’indimi n’ukuvuga Ikinyarwanda, Icyongereza, Igifaransa, Igiswahiri tutibagiye imibare hamwe n’inyigisho nkundishagihugu.

Kuruhande rw’abanyeshure, nahona ngo ni umunezero. « Twebwe turishyima kubona twaramenye ibyo tukabishyimira abarezi bacyu kuko batwigisha neza, bakatwereka mbere ko badukunda kuko ntibatury’umutima. N’uwutiriganye baramuhanura » Uwo n’umwe mu banyeshure biga kur’iryo shure mu gice c’amashure yisumbuye. Ikindi bishimira ngo n’uko ata ngorane z’ibikoresho bafise. Aho ishirahamwe ADRA na LETA y’Urwanda babaronsa ivya nkenerwa kugira ngo inyigisho zigende neza. « Turashimira cane ishirahamwe ADRA riduha amakaye n’amakaramu, ibitabu vyo kwigiramwo n’utundi dukoresho bikadufasha kwiga neza. » Uwo n’uwundi munyeshure ashimira kandi LETA y’Urwanda ku bikorwa bitari bike ifasha mwo.

Ntavyera de !

Bamwe mu banyeshure bo mu mashure yisumbuye, cane cane abadafise ababyeyi hafi, bavuga ko batoroherwa na gatoyi kuko ngo babura ivyo bafungura igihe ca saa sita kandi bategerezwa gusubira ku mashure.Bavuga bati « Naho tuvuga ko muri rusangi bigenda neza, ntivyera de ! turafise ingorane zo gufungura mu gihe dutegerezwa gusubira kw’ishure inyuma ya sa sita, kandi bamwe muri twebwe ata babyeyi dufise bodutegurira ibyo dufungura » Abo banyeshure bavuga rimwe rimwe basiba ku mashure inyuma ya saa sita kubera babuze ivyo bafungura ivyo na vyo bikagira ingaruka mbi ku mwimbu wabo. Basaba amashirahamwe y’abagiraneza kubafasha mur’izo ngorane, mu kubaronsa ivyo bafungura inyuma ya saa sita iyo basubira ku mashure.

Amwe mu mashirahamwe afasha izo mpunzi, avuga ko ico kibazo bakibona kandi bakizi ariko ngonticoroshe kuko gisaba uburyo no kwitonderwa by’umwihariko. « Turazi neza ko abanyeshure badafise ababyeyi hafi yabo bibagora. Ariko rero ntibyotuma baheba amashure, bakwiye kuraba ahubgo ingene batunganya ibikorwa byabo kugira ngo bakurikirane neza amashure. Icyo kibazo turakibona ariko kiragoye gisaba uburyo » uwo akaba ari umwe mu bakozi b’ayo mashirahamwe atashatse kwivuga izina. Mugihe rero umuti w’ico kibazo utaraboneka asaba abanyeshure kwihangana bakabandanya bakurikirana amashure mu kurindira.

A.N


Tanga igitecyerezo

Who are you?